Aboubakar karume ngo iburya ryiwe mu biteramo vyinshi bitunganywa Hano iwacu ngo s’ikindi n’ibura ry’amafaranga.
Sat-b, avuga ko uno musi Aho ageze, Atari uwariwe wese yomuhagurutsa ngo aje kuririmba mu giteramo kanaka.
Uwo mwanditsi w’imidoma yabwiye Landry Promoter ko ubu uwushoboye kumuhagurutsa akaja mu biteramo, ari amashirahamwe akomakomeye, kuko igiciro asaba Atari uwariwe wese yokwemera kuyatanga.
Sat-b akaba Kandi yavuze iyindi mvo aruko adashobora kwicira akazi abandi baririmvyi bakiri bato, kuko ngo bo nimba bisaba 2,000,000 ku giteramo, nawe asavye nkayo, ngo kuba Ari ukwiciranira Isoko.
Papa Burundi kuva mu mwaka wa 2017, akaba ariho yatanguye guhembwa amahera atari musi y’Umuliyoni mu giteramo, nayo ubundi, ngo imbere yaho akaba yahembwa 300, 500 ku giteramo.