Cristiano Ronaldo umukinyi w’imbere wa Man United ngo ntari mu gitigiri c’abagurishwa uno mwaka.
Umenyereza wa Man United yakuriye inkoni ku gishitsi abamenyeshamakuru ko Ronaldo Atari mu gitigiri c’abagurishw n’uwo mugwi wo mu gihugu c’ubwongereza.
Ivyo bikaba vyabajijwe inyuma y’igihuha cavuga ko uwo mukinyi ashobora kwerekeza mu yindi migwi yo kuri uwo mugabane.
Ibura ry’uwo mukinyi mu nkino za Pre-saison z’uwo mugwi, zirimwo izabereye muri Aziya n’izizobera mu Australia, rikaba ariryo ryahavuye riha impigi abibaza ko yoba agiye gusezera.
Uwo mumenyereza akaba yamenyesheje ko Cristiano Ari mu gitigiri c’aba bakeneye, c’abo bipfuza gukorana nabo uno mwaka.
Imwe mu migwi yipfuza uwo mukinyi harimwo nk’umugwi wa Chelsea, As Roma, PSG n’iyindi ikomakomeye kuri uwo mugabane.