BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Sat-b yavuze uburyo Harmonize yamweretse ko azi ibintu vyiwe

Ku bakurikiye urugendo rwa Sat-b muri Tanzania, barabonye ko Hari umwanya Sat-b na Harmonize barikumwe mu Modoka, noneho Indirimbo Agacerere yaririmvyemwo Sat-b iravuzwa, baranayiririmba.

Mu kiganiro Sat-b yagiranye na Landry Promoter, yaragarutse kuri uwo mwanya Aho yavuze uko vyagenze, mbere n’ico vyari bigamije.

Muri ico kiganiro, Sat-b yavuze ko urya mwanya, ngo bari bavuye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, noneho amutwaye mu Kibanza bari bateguriwe gushikiramwo.

Sat-b avuga ko ico yabashije kubona aruko uwo muririmvyi atarabana ryiza na Diamond Platnumz, umwe mu baririmvyi bakunzwe cane muri Afrika, ngo Ari umuntu mwiza cane.

Muri ico kiganiro, Sat-b yavuze ko Harmonize ariwe yatanguye kuririmba irya ndirimbo, ico ngo kikaba Ari ikintu Cari gishatse kuvuga ko amukunda, Kandi yemera ibikorwa akora.

Yagize Ati:” Urabona irya ni System yo kwakira ati ndakuzi Sat-b, ndazi ibintu vyawe, Welcome iyumve ko uri muhira.”

Mukibuka ko uwo muririmvyi yari yatumiwe na Harmonize, ariko Kandi na Big Fizzo yari yatumiwe muri ico giteramo citiriwe Afro East Festival, ariko Big Fizzo ntiyabasha kuronka ibakwe ryo gushikayo, ahubwo haboneka Sat-b wenyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55