homepageIKIRUNDI_newskirundi

Umukobwa wa Dos Santos, akeka ko se bamwishe

Umukobwa w’uwahoze Ari Umukuru w’igihugu wa Angolas aheruka kwitabira Imana muri Espagne Aho yari yagiye kwivuriza, yasavye ko hakorwa Autopsy ngo hamenyekanye icishe se.

Urwo ruhusha rwatanzwe, rutangwa n’ubutungane bwo mu gihugu ca Espagne neza neza I Barcelona Aho yari yagiye kuvurigwa.

Uwo mukobwa akaba yabisavye yikeka ko se yoba yagandaguwe, kugira ntazoshigikire abatavuga rumwe na Leta ihari, mu matora yo mu kwezi kw’8.

Abashingwamanza b’umuryango wa Dos Santos bakaba bamiriye kure ivyariko bitegurwa na Leta ya Angola vyo gutahana ico kizoga c’uwo muhisi ngo gihambanwe iteka ry’abakuru b’ibihugu muri ico gihugu. Ivyo ngo bikaba bitandukanye n’icipfuzo c’uwo yahoze Ari Umukuru w’igihugu Aho akiri Muzima yipfuza ko umuryango wiwe womuhamba muri Barcelona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 138