abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsintamba murugambakirundi_SportsSport

# Indundi Sports | Breaking News : Dr Patrice Motsepe arongoye CAF agiye kuza mu Burundi

Dr Patrice Motsepe asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF , agiye  kuza mu Burundi .

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre mu kiganiro yariko akorana n’imwe mu mboneshakure ikomeye yo mu gihugu ca Tanzania yitwa ITV .

Kuri Micro ya Balen Havyarimana yagize ati : «imigenderanire ni myiza hagati ya FIFA na CAF kandi ijana kw’ijana 100% , barya ni bakuru bacu twe turi bato kuribo. Bobo ni nk’igiti natwe tukaba ishami ryaco , rero amashirahamwe yose y’umupira w’amaguru tumeze nk’amababi kuri FIFA canke CAF , ikivyerekana y’uko imigenderanire ari myiza mu misi iri mbere twiteguriye kwakira uwurongoye  ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF Dr Patrice Motsepe , tumaze kuronka ikete ryemeza y’uko mu misi iri mbere azoza ninayo mpamvu imigenderanire ari myiza hagati yacu na FIFA hamwe na CAF ».

Mwomenyako Dr Patrice Motsepe ariko atemberera ibihugu bimwe bimwe vyo muri kano karere ka Cecafa aho twovuga nka Ethiopie , Sudan y’epfo hamwe na Uganda.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 21