BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Appolinaire ngo umwanditsi mwiza n’umuvugabutumwa

Haraheze igihe kitari gito umuririmvyi Appolinaire adashira ahabona Indirimbo nshasha, ariko akaba agize igihe aboneka Ari mu murimo wo kuvuga ubutumwa ngo azane benshi kuri Kirisitu.

Abatari bake bakaba bibaza impamvu zatumye uwo mugabo afatwa nk’inararibonye mu ndirimbo zo guhimbaza Imana, afata iyo nzira yo kwigisha bidaciye mu ndirimbo gusa.

Mu kiganiro aheruka kugirana na Siren Vibe, yagarutse kuri ico kibazo, Aho yasiguye ko Ingabire yo kwigisha yarayifise kuva kera, Ari naho havuye zirya ndirimbo zakunzwe cane, kuko umwanditsi mwiza Ari umuvugabutumwa.

Yagize ati : “Narinzi ko ndabifise, kuberako Ingabire yose irakura. Kuva menya ko mfise Ingabire yo kuririmba no kwandika, nabayeho mu buzima bw’agakiza ngira inyota yo kumenya Ijambo ry’Imana. Rero mu myaka yanje ya mbere nkiri muto, nagize amahirwe yo kwiga inyigisho ndora mana. Iyo yari inyota ifatanye n’iyo mpano yo kwigisha, navyo vyatanguye kera, birakura. Kuberako abantu benshi banzi umwanya munini ndirimba, bashobora kwibaza ko kuvuga ubutumwa canke kwigisha arivyo nize ubu. Kandi rero umwanditsi mwiza n’umuvugabutumwa.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 340