BurundiAyagezwehohomepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_actualite

Ikiganiro| Indamutso y’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2022, ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi neza na neza ku kibuga c’umupira w’amaguru Kugasaka, haramutse habera ikiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye zigize igihugu ku benegihugu n’abamenyeshamakuru.

Mu ndamutso umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarungikanye umuvugizi wiwe Alain Diomède Nzeyimana, umukuru w’igihugu aripfuriza isabukuru nziza abarundi y’imyaka 60 iheze Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira. Arashimira kandi abarundi baciye urwevu bagakura amaboko mu mpuzu umwe wese mu gisata arimwo, anabahamagarira kutarira itama rimwe ngo basesagure umwimbu wabo muri kino gihe isarura ry’umwimbu w’impeshi ryarangiye, bawuziganye mu bigega rusangi ndetse babandanye barima no mu myaba muri kino gihe c’ici.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesha ko mu gihe hari iduzwa ry’ibiciro ku bifungurwa bimwe ahanini bitewe n’abasanzwe bahuza abaguzi n’abadandaza « commissionnaires », ahamagarira abadandaza kwiyunga baje mu makoperative nk’ukwo hasanzwe hari amakoperative y’abarimyi.

Mu gihe iki kiganiro kibaye abanyeshure bari mu buruhuko, Evaritse Ndayishimiye ahamagarira abavyeyi kuba hafi abo barerwa mu kubaronsa utwo boza barakora boye kuja ku marigara, urwaruka narwo akarusaba kwijukira ibikorwa bizotuma ruronka udufaranga uburuhuko buzohere rushobora kwigurira ibikoresho bimwe bimwe vy’ishure.

Ku kiza c’inyonko yateye ibitungwa ndetse n’ikiza ca koronavirisi casubiye kwiyongera, umukuru w’igihugu ahamagarira abenegihugu kubandanya bakurikiza impanuro bahabwa n’abaganga hamwe n’abajejwe intwaro.

Mu kurangiza, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira abenegihugu kubandanya bateramira amahoro n’umutekano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53