BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Juste Gael avuze igituma ata mukozi afise

Muri bino bihe urubuga rwa YouTube rurahurumbiwe cane n’urwaruka, mu Ntumbero yo kwiyungunganya kuko rumaze kubona no kwumva ko bamwe bamwe muri bakuru babo canke batonyi babo batunzwe n’igice kitari gito c’amafaranga ava kuri urwo rubuga.

Naho biruko, uko imisi igenda niko tubona bamwe bavana n’abo bahora bakorana, hatavuzwe igitumye batandukana. Zimwe mu mpamvu zivugwa n’umushahara uba udahagaze neza nkuko baba bavyipfuza.

Ico kibazo c’iboneka ry’amafaranga kuri izo mbuga, ku buryo mwenerwo ashima gushiramwo umukozi cabajijwe Juste Gael, kugira atomore neza nimba bishoboka.

Juste Gael yavuze ko we kubwiwe ngo abona ko hataragera, kuko atipfuza kugira ico apfa n’uwo aba yazanye, kuko amaze gutahura ko uko imisi ihera ariko uwo barikumwe aba akeneye vyinshi gusumba, Kandi nawe aba adashoboye kubimushikirako.

Yagize Ati : ” Igituma ntarazana umukozi, nuko mbona umengo sinkeneye ko dupfa Ubusa.” 

Landry Promoter nawe mu kiganiro yaheruka gushikiriza ko amafaranga kuri YouTube ngo ahari Kandi aboneka cane, ahubwo akavuga ko uwushaka amahera menshi akwiye gushirako ibiganiro vyinshi, kuko ngo uwushirako kimwe mu ndwi atonganya n’uwusohora imisi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 54