BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sportsmusic

MC Billy ngo abamenyeshamakuru nibigire ku bashinze B&B FM Umwezi

Ikibuze hano iwacu ngo n’ugushira hamwe kw’abamenyeshamakuru kugira bashinge ikinyamakuru gikomeye. Ivyo bishikirizwa na MC Billy asanzwe Ari umumenyeshamakuru wa Sport hano iwacu.

MC Billy mu kiyago na Juste Gael, yahanuye abamenyeshamakuru ba hano iwacu ko bofatira akarorero kuri bagenzi babo bo mu gihugu kibanyi, bagiye hamwe bagashinga insamirizi ikomeye.

Naho atatomoye, uwo mumenyeshamakuru yahora muri Siren Vibe, ashobora kuba yavuze abamenyeshamakuru bashinze insamizi B&B FM Umwezi isanzwe isamiranira mu gihugu kibanyi c’Urwanda, isanzwe inafise YouTube Channel isanzwe iri mu zirabwa cane mu gisata ca Sport.

Yagize Ati : ” Nigeze kugira iciyumviro, kuki abantu Tumaze kubona ko mufise ama TV online mukorana, mutokorana TV yanyu Ari Nini. Sinkubeshe ivyo twirukamwo vyose, biranagoye ko dushobora gutera imbere cane, ariko n’ama ndabira kubantu bamwe bo mu gihugu kimwe ntagarutseko, barikusanije bari aba Sportif, bakora iradiyo, ubu ingene imeze, iteye ubwoba, Kandi buri muntu wese Araronka neza.” 

Yongerako ngo :” Ngaha ikintu maze kubona kitwishe, numva nshaka kuba Billy akomeye gusumba Juste Gael, gusumba Hosy, ku buryo abantu Bose baza, ninde afise TV online ya mbere, ni kanaka. Ariko tugende turabe abantu bamaze imyaka myinshi barimwo, ubona iterambere ringana gute? Hari n’umwe urumva ngo yaguzemwo n’inzu? Je mbona vyiza nimuze dukore Television, kuko twese turafise Ingabire.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 176