BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_Sports

Cristiano na Messi nimba babura igitsindo ngo nta burozi buri mu mupira

Uburozi mu mupira w’amaguru ni kimwe mu bintu vyemezwa n’abatari bake ko gihari Kandi gikoreshwa cane, ariko Hari bamwe batavyemera.

Mc Billy n’umwe mu batavyemera ko bibaho, kuko kubwiwe ngo iyo ukinye n’abagusumvya umupira w’amaguru bagutsinda, Kandi nabo ngo bahuye n’ababarusha ntibareka gutsindwa.

Yagize Ati : ” Ngaha jewe n’ama numva birya imihari, ngo barya ba Petit bararoga Nico gituma bameze neza. None intamba zacu zigarukira hehe? Ejo bundi twakinye na Cameroon, je nari muri Tanzania, ndaraba ingene abarundi bakina, n’ingene umunya Cameroon akina. Ukina n’umuntu Ari muri Bayern Munich, ukina n’umuntu Ari mu bufaransa, ukina n’abakinyi bazwi kw’isi, sivyo? Baraturusha. Nabo rero igitangaje kinadyohera, nuko nabo bahura n’ababarusha, ba bakinyi nabo ukababura.

Billy akaba abona ko iyaba uburozi bubaho mu mupira, ngo Messi na Cristiano ntihaba habaho igihe Saison ibabera mbi, kuko amafaranga bafise ngo abapfumu bose bobagura.

Nkunze kuvuga umukinyi wa mbere azi umupira ni Messi ni Ronaldo. Turafatira ku bahari ubu, ariko kuberiki hari igihe abura igitsindo? Saison ikamubera mbi, siwe afise n’amahera menshi? abapfumu bose ntiyobagura? Ntibibaho.” Vyavuzwe na Mc Billy

What's your reaction?

Related Posts

1 of 58