homepageIKIRUNDI_newskirundi

Ijipo niyo yamuhaye kwinjira, Aho ibutura ryari rimubujije guhonyoza ikirenge

Mu mpera z’ukwezi kwa 6, ku mugabane wa buraya, neza neza mu bubirigi, umugwi w’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru RTBF bakuwemwo 1, yankirwa kwinjira kubera umwambaro yari yambaye.

Umugabo afatira amajwi umugwi w’abamenyeshamakuru, yankiwe kwinjira mu ngora y’amakoraniro y’abashingamateka yo mu gice wa Wallon mu bubirigi, bamuhoye ko yambaye ibutura.

Uwo mugabo akaba yasabwe ko asubira inyuma canke ahindure umwambaro. Umugore asanzwe afata amasanamu, yahavuye abaza ko Ari nka hamwe bahinduye, we akambara ibutura, uwundi akaba ijipo ko yohabwa uburenganzira. Inyuma y’ukubaza, abasirikare bahacunga bahavuye bamubwira ko Aho azoba Ari sawa, noneho babona kubikora uko babisavye.

Mu mwambaro w’ijipo ku mugabo, n’ibutura ku mugore, igikorwa Cari cajanye uwo mugwi w’abamenyeshamakuru co kuganiriza umushingamateka cahavuye gikorerwa muri iyo ngoro ata nkomanzi.

Iryo tegeko rihari haraheze igihe muri ico gihugu, ngo rikaba rishika ku nzu zitandukanye zikorerwamwo inzego zitandukanye za Leta y’ubwo bwami.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53