Mu mwaka wa 2021 Kimwe mu bikorwa vyatangaje benshi, ariko Kandi banakurikiranye cane ni ishirwa umukono na Lionel Messi ku masezerano yo gukinira umugwi wa PSG.
Naho PSG yamujanye ata n’ikingorongoro batanze, ivyari vyitezwe ko akorera uwo mugwi, ntivyahavuye bishikwako, kuko bitamworoheye kumenyera uwo mugwi vyoroshe.
Ubu ikiriko kiravugwa n’uko uwo mukinyi ashobora gukinjura muri uwo mugwi, ariko akaba atari ku rutonde rw’abadakenewe muri uwo mugwi w’umumenyereza wawo mushasha ariwe Christopher Galtier. Ariko bikavugwa ko nawe ubwiwe ataranga umurongo azofata muri uwu mwaka w’inkino uza.
Naho hakiri amadidane ku nzira azofata uwo mugabo afise Imipira y’inzahabu 7, umumenyereza mushasha we akaba ata gukekeranya avuga ko umwaka uzaba mwiza gusumba, arabiye Ku mwanya muto bamaze gukorana.
Uwo mumenyereza akaba yashikirije kuva ashika muri uwo mugwi ko ata mugambi afise kugumana muri uwo mugwi abakinyi bataronka umwanya wo gukina, kuko umukinyi Ataronse uwo mwanya ngo aba ariko aricwa.