BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Uguhurumbirwa kwa John Elart kurafise imvo

Habonetse urutonde rw’abahinyanyuzi b’amasanamu bagezweho hano iwacu, Kubwimana Jean benshi muzi nka John Elart, ntashobora kubura muri 10 ba mbere.

Uyu musore akomoka mu ntara ya Makamba, akaba amaze kwubaka izina muri uwo mwuga udashobora benshi. akaba ubu asigaye Ari rutumwako muriwo.

John Elart uno musi abaririmvyi batandukanye bipfuza gukorana nawe. Impamvu nta wuyizi, arikowe aheruka gushikiriza ico yibaza ku mpamvu zituma ahurumbirwa cane.

Mu kiyago na Kaboss For real, yagize Ati : ” Kenshi iyo ukora ikintu n’umutima, hariho akandi kantu k’akabirya usumvya abandi. Kuko zirya energy ushiramwo, irya effort u fournissa, kuri result hariho akantu gatandukanye n’abandi usanga karimwo.”

Uwo muhinyanyuzi akaba afise igitigiri kitari gito, mu ndirimbo za hano iwacu zimaze gutera intambwe zigakwiza Views zirenga 1,000,000 ku rubuga rwa YouTube rufatwa nk’icirore mu kuraba uko abaririmvyi bakunzwe muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 144