abakinyi bakina hanzefootballInkinointamba murugambakirundi_Sports

Indundi Sports | Nonda Shabani agiye kuza mu Burundi mu misi iri mbere

 

 

Kuri uwu wa Gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2022, Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Générale de Brigade de Police Muyenge Alexandre ari kumwe n’icegera ciwe ca kabiri Mustapha Samugabo , bararonse akaryo ko guhura n’umukinyi Nonda Shabani yigeze kuba umukinyi rurangiranwa kw’isi , mu gihugu ca Maroc .

Nonda Shabani yarigeze kuba Kizigenza w’umugwi nserukira gihugu wa Congo , naho yavukiye mu Burundi mu mwaka w’i 1977 mu gisagara ca Bujumbura muri muri Zone Nyakabiga Commune Mukaza .

Muvyo bayaze n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi , ni uko mu misi iri mbere ashobora kwishikira mu Burundi mu ntumbero yo kuza kugendera abagenzi biwe bakinanye kera.

Mwomenya ko uwo mukinyi  yakiniye imigwi nia Athletico Olympic ya hano iwacu, Young Africans yo muri Tanzania , Vaal Professionnels yo muri Africa y’epfo , Fc Zurich yo muri Suisse , Stade Rennais yo mu bufaransa , As Monaco yo mu Bufaransa , As Rome yo mu butariamo , Blackburn Rovers yo mu bwongereza hamwe na Galatasaray.

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 22