Entertainmenthomepagekirundi

Black Panther ya 2 buca ishirwa ahabona

Mu kwezi kw’11, niho ikindi gice c’ireresi, Black Panther, riri mu yakunzwe cane kw’isi na hano iwacu muri ino myaka iheze rizoshirwa ahabona.

Kimwe mu bibazo vyibazwa gusumba ibindi, n’uwuzosubirira Umukinyi yakunzwe cane muri iryo reresi, Chadwick Boseman, yakinyemuri iryo reresi ari umwami wa Wakanda, T’Challa, kuko yitavye Imana mu mwaka wa 2020.

Igihe Teaser y’iryo reresi yashirwa ahabona, ico kibazo cabajijwe abatari bake mu mugwi wateguye iryo reresi, co kimwe no mu mugwi w’abakinye, ariko akaba ata numwe yaciriye hasi.

Lupita Nyongo umunya Kenyakazi yakinye Ari umukunzi wa T’Challa, yamenyesheje ko abantu borindira aga Surprise, ariko Kandi hakaba hari n’amakuru yuko ikibanza c’uwo mwami Black panther ata wuzilohava agihabwa.

Ivyo bikaba vyabajijwe kuko muri Teaser habonetse umuntu yari yambaye umwambaro wambarwa n’aba Black Panther, ariko ntibabasha kumwerekana uwariwe. Bamwe mu bafana bakaba bibaza ko ashobora kuba Ari mushiki w’umwami T’Challa.

Mwomenya ko mu yiheruka, umwami T’Challa yagwanye na muvyarawe ashaka kumutwara ubutware bw’ubwo bwami bwahishijwe isi, Kandi bufise ubumenyi ngo bwotuma isi muri rusangi itera imbere gusumba. Iryo reresi gushika mu mwaka wa 2020 ikaba yaharurwa mu mareresi mashasha yinjije amahera menshi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53