abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Joslin Bipfubusa agiye kumenyereza umugwi Police Tanzania

Inyuma y’ukwezi ashize umukono ku masezerano yo kumenyereza Espoir Fc yo mu gihugu c’Urwanda , birangiye Joslin Bipfubusa ahinduye iciyumviro yerekeza muri Tanzania .

Joslin Bipfubusa akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza umugwi w’igiporisi co muri Tanzania witwa Police, akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c’Umwaka nk’uko vyamenyeshejwe n’ikinyamakuru Mwanaspoti co mu gihugu ca Tanzania. Joslin akaba asubiriye Malale Hamsini yahora amenyereza uwo mugwi.

Yasamiye imigwi itari mike ya hano iwacu nka Athletico Olympique, Vital’o Fc, mu Rwanda yasamiye MP Fc, kibuye Fc hamwe na Kist Fc .

Imigwi yamenyereje akaba ari umugwi nserukira gihugu w’abaterenza imyaka 23 , yamenyereje Messager Ngozi , Aigle Noir Cs , Kayanza United hamwe na Bumamuru Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 22