Ikibazo c’ibiribwa bitari bike hano iwacu vyaduze ibeyi kubera intambara iri muri Ukraine ngo gishobora gukemuka mu misi ya Vuba.
Nkuko amakuru ava ku mugabane w’Uburayi abivuga ngo ubwato bwa mbere buva muri Ukraine bujanye intete z’ibiribwa bitandukanye birimwo Ingano zisanzwe zimburwa Ari nyinshi muri ico gihugu, bushobora gusohoka ico gihugu mu misi ya Vuba.
Ico cizere kikaba gihari kubera amasezerano aheruka gushirwako umukono n’abaserukira Ukraine n’abaserukira uburusiya, ku masezerano yo gushobora ivyo biribwa hanze kuko vyatumye ibice bitari bike kw’isi vyugarizwa n’ibibazo vy’inzara.
Naho ico cizere gihari, ngo ibibazo vyo ntibibuze kuko kimwe mu bivuko vy’ico gihugu ca Ukraine biri kw’ibahari ry’irabura(Black Sea) giheruka kugabwako igitero. Ukraine ikaba Ibona ko Uburusiya butazohava bworohereza ayo masezerano.
Mukibuka ko kuva mu kwezi kwa 2 uburusiya butera Ukraine, habaye ibibazo bikomeye ku kijanye n’ibitoro, Gaz n’ibiribwa biva muri ivyo bihugu vyose uko Ari 2, kuko vyaciye biduga ibiciro, kuko vyabuze.