homepageIKIRUNDI_newskirundi

Umugabo yakize umugera wa VIH -SIDA mu buryo butamenyerewe

Umugabo w’imyaka 66, yabashije kwemezwa nk’umugabo wa 4 yakize umugera wa VIH-SIDA yaramaranye imyaka irenga 40.

Uwo mugabo wo mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, yakijijwe mu buryo budakunze gukoreshwa, kandi n’abaganga badahanura ko abantu bokwizera.

Ingwara ya Cancer yo mu maraso yo mu bwoko bwa leukaemia yaramaze igihe baramutoye, yamuhaye amahirwe yo gukira iyo ngwara ifiswe n’ama Miliyoni y’abantu kw’isi.

Nkuko bishikirizwa n’abaganga, ngo uwo mugabo atashimye ko bamuvuga amazina, ngo mu ntumbero yo kumuvura iyo cancer, yahawe umusokoro kugira basubirize uturemangingo twari twarononekaye kubera iyo Cancer.

Umugiraneza yatanze uwo musokoro, akaba ari mu gitigiri c’abantu baharuye ku ntoke bafise Amaraso adafatwa n’umugera wa VIH utera Ingwara ya SIDA.

Ubu umunezero ukaba ari wose kuriwe, eka no ku baganga bamuvuye, kuko ngo bari baryohewe cane bamumenyesha ko ata mugera wa VIH ukiri mu mubiri wiwe.

Abaganga bakaba bavuga ariko ko uguterwa umusokoro itoba inzira yo kuvura uwo mugera, kuko bitoroshe, Kandi bifise ingaruka nyinshi cane.

abahinga bariko bakora ubushakashatsi ku muti wo kuvura uwo mugera, bakaba bavuga ko bariko barabira hafi cane ayo maraso adafatwa n’umugera, kugira barabe uko boyakuramwo umuti.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 52