Bavuze Zinedine Zidane, n’uwutamubonye ku kibuga aremeza ko uwo mugabo w’imyaka 50 y’amavuko, aharurwa muri bake bakiri bazima bakinye umupira neza.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co muri Suisse, uwo mugabo yamenye amabanga y’uburyo yabashije gushika Aho ageze uno musi.
Zinedine Zidane ngo kuva akiri muto ntiyigeze ahagarika kwimenyereza. Hampande y’imyimenyerezo yaba ariko agirana n’abandi, ngo yaba afise imyimenyerezo yiwe bwite nawe yategerezwa kugira, nkuko yabiyagiye ico kinyamakuru.
Zinedine ngo ikindi yakora akiri muto nuko yafata akanya akaja kugira imyimenyerezo n’abamusumba, ivyo ngo bikaba vyamuha ubushobozi bwo kwirukana muriwe iciyumviro co kunanirwa.
Nkuko uwo mugabo yabandanije abivuga ngo ntivyagarukira ku kwimenyereza n’ababaruta, kuko banabafasha gutegura ibikoresho vyabo birimwo ibirato n’ibindi.
Zinedine Zidane kubwiwe ngo itsinzi iva mu kwimenyereza cane, itari iyo uba wagiranye n’abandi, ariko n’iyawe bwite, kuko abantu bakomeye bageze kure bimenyereza ku ruhande cane.