homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Ibombora bombora mu baririmvyikazi ba Rap

Nk’uko dusanzwe tubibona ku baririmvyi usanga badacana uwaka kandi basangiye umwuga
bigakunda kugaragara mu majambo bakunda kwandikiranira babicishije ku mbuga zabo canke bakabiririmba mu ndirimbo zabo, ugendereje neza bikunda gukorwa cane n’abaririmvyi baririmba umudiho wa Rap. Icadutangaje nuko twabibonye no kubaririmvyikazi bakora umudiho nyene wa Rap.

Div’s morales ni umuririmvyikazi yarutse vuba akaba afise indirimbo 2 gusa ariko akaba ariko arakundwa n’abantu hirya n’ino baramutera intege ukuntu yaje avyifatamwo.

Ku majambo yanditse acishije ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp biraboneka neza ko ayerekeza kwa B Kobra umuririmvyikazi amaze igihe kitari gito agaragariza abarundi y’uko abigeme bashoboye umudiho wa Rap na rirya tuzi neza ko ari abaririmvyikazi bake bubahuka uwo mudiho.

Div’s atanguje ikimenyetso c’inzoka irimubwoko bwa Kobra yakurikije amajambo agira ati: “Kora Sister kuntinya ntacobimaze shiramwo agatege unyemeze ntahiganwa nokorana nawe vrment ivyukeka sivyo kuko ntamukobwa ndabona twohiganwa.”

Ugerageje kumviriza ayo majambo urumva neza ko hari ikitagenda neza hagati yabo ariko ku ruhande rwa B Kobra ntiturabona ico abivuzeko

Ivyo avuga ko Kobra yoba amutinya vyoba biva kuki? Hoho Kobra ashaka ko yomwemeza gute?

Ivyo vyose nta nyishu tubifitiye tuzogenda tubibatohoreza vyose tuzobibamenyesha ngaha.

Tubibutse ko B Kobra aheruka gusohora indirimbo izwi kw’izina rya “Moto”, Div’s morales nawe aheruka gusohora “musirikarekazi”, zompi zikaba ziri kuri youtube zabo.

Zikurikirane amajambo arimwo urumva ko bose bemezanya ko bashoboye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53