abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsInkinointamba murugamba

#Indundi Sports| Bigirimana Abedi yatowe nk’umukinyi yaranze ihiganwa ryo mu Rwanda

Abarundi babandanya bakora amateka mu gihugu c’Urwanda.

Inyuma ya Hussen Shabani Tchabalala kurangiza ihiganwa ryo mu Rwanda ariwe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi, Bigirimana Abedi yaraye atowe nk’umukinyi yaranze ihiganwa ry’umwaka w’inkino wa 2021-2022 mu birori vyo gutanga ubushimwe bwaraye bubereye mu gisagara ca Kigali.

Abedi akaba yatowe nk’umukinyi yaranze ihiganwa ryo mu Rwanda asubira kandi atorwa nk’umukinyi wo hagati yavyitwayemwo neza gusumba abandi .

Mwomenyako Abedi ari umwe mu bakinyi bahora batumwako mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 15