abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Nasredine Nabii ngo Gaël Bigirimana ni inzahabu baronse

 

Inyuma ya Gaël Bigirimana kugurwa n’umugwi Young Africans wo mu gisagara ca Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzania, umumenyereza  w’uwo mugwi yateye amashurwe uwo mukinyi.

Mu kiyago gito yakiranye na kimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania, umumenyereza wa Young Africans Nasredine Nabii yavuze y’uko umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Gaël Bigirimana ari inzahabu baronse bivanye n’ingene yabonye akina .

Akavuga y’uko Gaël Bigirimana ari umukinyi wo hagati agezweho muri kino gihe atari bwaboneke mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania .

“Gaël Bigirimana ni umukinyi w’igitangaza , abakinyi nkaba bakomeye ubonye baje gukina mw’ihiganwa ryo muri Tanzania uce umenyako waronse inzahabu kandi n’ihiganwa ryo muri Tanzania rigiye gutera imbere”.

Gaël Bigirimana akaba ari umwe mu bakinyi baguzwe n’umugwi Young Africans harimwo Joyce Lomalisa, Lazarous Kambole, Bernard Morisson hamwe na Stephane Aziz KI.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 59