abakinyi bakina hanzefeatured sportfootballhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndayishimiye Youssuf na Istanbul baraye babikoze

Ndayishimiye Youssuf Nyange ari kumwe na Istanbul Basaksehir yo mu cicaro ca mbere baraye banyagiye umugwi Maccabi Netanya.

Hari kuri uwu wa kane igenekerezo rya 04 Myandagaro 2022 , ihiganwa rya Europa League Conference ryarabandanije . Umugwi Istanbul Basaksehir waraye ukuyemwo umugwi wo muri Israel witwa Maccabi Netanya ibitsindo 3-1.

Ndayishimiye Youssuf Nyange naho atigeze yinjiza igitsindo nk’uko yabikoze mu ndwi iheze , urwo rukino yararukinye rwose aranarurangiza.

Mwomenyako urukino rwo gusubiriza ruzoba mu ndwi iza aho umugwi Istanbul Basaksehir ariwo uzoba wakiriye umugwi Maccabi Netanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 59