footballkirundikirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | FFB ifadikanije na AJSB batunganije inyigisho ku banditsi n’abamenyeshamakuru

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rifadikanije n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB ryatunganije inyigisho kubanditsi n’abamenyeshamakuru bazokurikirana Primus League 2022-2023.

Izo nyigisho zatewe iteka n’icegera ca mbere c’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Arcade Nimubona.

Abariko batanga izo nyigisho akaba ari icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Avellin Basegeta , uwutwara ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino Nshimirimana Liliane hamwe na Melchiade Nkeshimana icegera c’uwutwara igisata co kumenyeshamakuru muri FFB .

Mwomenyako izo nyigisho zizomara imisi ibiri, ku magenekerezo ya 8 na 9 Myandagaro 2022 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 118