Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Urunani niwo mugwi watahukanye igikombe ca Viva Basketball League

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 07 Myandagaro 2022 ku kibuga ca Département niho umugwi Urunani wari waramutse ukinye urukino rwa nyuma rw’ihiganwa rya Viva Basketball League n’umugwi New Stars , urwo rukino ukaba warukinye umaze kumenye y’uko ariwo umaze gutahukana igikombe. Umugwi Urunani waciye wirahira umukeba New Star ku manota 76 kuri 65 .

Mu nkino 18 umugwi Urunani wakinye , watsinzwe urukino rumwe gusa izindi nkino 17 warazitsinze .

Uwo mugwi iyo udatahukana igikombe ca Viva Basketball League co muri uno mwaka wari kubabara cane bivanye n’abakinyi wagiye uragura ndetse uranatanga n’imiduga ku bakinyi baba bavyitwayemwo neza gusumba abandi .

Umugwi wafashe ikibanza ca kabiri akaba ari Gymkana mugihe New Star yafashe ikibanza ca gatatu .

Mwomenya ko umugwi Urunani ariwo mugwi wa mbere utahukanye ico gikombe ca Viva Basket League.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 423