Mu gihe hano iwacu ivyo kwitwa amazina mu muziki bisa n’ibitavugwako rumwe na bose, aho hari na bamwe bavuga ko bihariye amazina y’abandi, Kidum we siko abibona.
Uwo muririmvyi w’umurundi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe vya misi yose mu gihugu ca Kenya, aho yasuhukiye kuva ahunga igihugu ciwe c’amavukiro “Uburundi” kubera intambara yari mu gihugu mu myaka ya 90, avuga ko amazina aguma ahindurirwa ari urukundo abafana bamwita.
Hampande ya Mukirisu rishasha, ngo hari na Cardinal w’umuziki hano iwacu naryo ryamaze kumufata, inyuma ya Padiri yaragize imisi yarahawe.
Mu kiganiro na Juste Gael yavuze ko naho abandanya ahabwa amazina y’abagize uburongozi bwa Ekereziya Gatorika, ngo ingazi ya nyuma yo ntayo yipfuza ko bamushikanako.
Yagize ati :“N’urukundo abantu bankunda bakampa amazina. Mu bisanzwe jewe mri make ndicisha bugufi, sasa bariko baragira ico bita Elevation, kukuduza ku rwego, bakavuga bati uyu si padiri, uyu ni Cardinal. Urumva bakurengeje na Musenyeri, uciye uba Cardinal. Ariko sinipfuza ko bonyita PAPA.”