footballhomepagekirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Fofila PF yagiraniye amasezerano yo gukorana na BCB

Umugwi wo mu cicaro ca mbere ku ruhande rw’abigeme Fofila PF , wagiraniye amasezerano n’ibanki rya BCB.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 09 Myandagaro 2022 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’ubuhinga CTN kiri mu Ngagara , niho umugwi Fofila PF wari waramutse ugiranira amasezerano n’ibanki ya BCB mu kiringo c’imyaka itatu.

Ayo masezerano y’imyaka 3 iyo Banki ya BCB yemeye guha uwo mugwi Fofila PF imiriyoni cumi na zitanu z’amafaranga y’amarundu ( 15.000.000 Fbu) ni ukuvuga buri umwaka uwo mugwi uzohabwa imiriyoni zitanu zitanu ( 5,000000FB) .

Ivyo bikaba vyabaye mu gihe uwo mugwi buca ufate urugendo werekeza mu gihugu ca Tanzania mu nkino za CAF Champions .

Yaba ku ruhande rw’umugwi wa Fofila PF canke ku ruhande rw’ibanki BCB, bemeranije ko bibaye ngombwa inyuma y’iyo myaka itatu bashobora kugiranira ayandi masezerano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 184