footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Ishirahamwe ELAGA ryaguze Top Junior

Abakunzi b’umugwi Top Junior umubabaro ni wose inyuma y’uko ishirahamwe ELAGA risanzwe rikorera i Nyanza Lac mu Ntara ya Makamba riguze uwo mugwi.

Uwo mugwi uzokorera mu ntara ya Makamba ukazotwarwa i Nyanza Lac nk’uko twabisomye mu binyamakuru bitandukanye.

Top Junior ikaba igurishijwe inyuma y’uko abakinyi bawo nka bose bari bamaze kuyivamwo baja mu yindi migwi itandukanye harimwo Vital’o Fc na Aigle Noir Cs .

Muri kino gihe uwo mugwi bazowitirira izina rishasha rya ELAGA Top Junior Academy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 160