footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimusic-burundi

#Indundi Sports| Mufugutu Bruce ahamagarira abakunzi ba Inter Stars kuyishigikira kuri uyu w’Imana

Kuva mu mwaka w’i 1986 ashigikira umugwi Inter Star gushika muri kino gihe ntawundi mugwi arakunda wa hano iwacu atari Inter Stars.

Uwo ni umwe mu bakunzi b’uwo mugwi yitwa Mufugutu Bruce .

Mu kiyago gito yagiranye n’abamenyeshamakuru ku kibuga c’imyimenyerezo ya Inter Star kiri kw’ishure rya ENE mu Kigobe , Bruce yabanje gushimira cane uburongozi bushasha bw’umugwi Inter Stars kuko ngo ni uburongozi bwiza cane burongowe na Perezida Abdoul, akaba yagize ati:

“turashimiye cane uburongozi bushasha burongowe na Perezida Abdoul , umurongozi ubona y’uko yazanye ibintu bishasha mu mugwi aragerageza aturonderera abakinyi hirya no hino uburongozi ubona y’uko buriko bwitegurira neza ihiganwa rya Primus League ryimirije gutangura mu misi iri mbere. Yatwijeje y’uko umugambi afise be na komite yiwe n’uko inter Stars itazosubira kandi kumanuka mu cicaro ca kabiri , muraziko twamanutse kabiri kose ubu ihangiro ryacu nk’umugwi Inter Stars usanzwe ufise amateka adasanzwe mu gihugu atariyo kumanuka mu cicaro ca kabiri itegerezwa guhagararira izina ryayo mbere irwanire n’ibibanza bine vya mbere”.

Yarangije atera akamo abakunzi bose b’umugwi Inter Stars y’uko boza ku bwinshi gushigikira umugwi wabo agira ati: “Nk’uko vyama muraza gushigikira umugwi kuko dufise urukino ku musi w’Imana igenekerezo rya 14 Myandagaro isaha icenda n’umugwi twari kumwe mu cicaro ca kabiri witwa Magara Young Boys”.

Mwomenya ko umugwi Inter Star muri kino gihe usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza Ramazani hamwe n’uwitwa AJB.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 174