Ishirahamwe ry’abaririmvyi risanzwe rirongowe na Ndayishimiye Brighter, icegera ciwe Kimana Edith basanzwe barirongoye ku rwego rw’igihugu bakaba baratowe mu matora aheruka 2021 (amicale des musiciens).
N’ubwo benshi bagumye bibaza ivy’iryo shirahamwe bamwe bakibaza ngo kubera iki hatarimwo abaririmvyi bose, habe namba iryo shirahamwe ngo ntawe rikumira ahubwo interano isabwa gutangwa cokimwe n’ayandi mashiramwe niyo benshi badakunda kwitwararika ivyo navyo bigatuma udashobora kwitwa umunywanyi wabo.
Umuririmvyi Masterland niwe yari yatowe ivy’imfatakibaza abe aratwara ishami ry’ i Bujumbura, ariko igenekerezo rya 13 Myandagaro 2022 isaha zine zo mu gatondo ahahoze hitwa kuri Ingo Bar, abanywanyi bose b’iryo shirahamwe niho bazoba bibereye kugira batore indogozi izobatwara muri Mairie ya Bujumbura
Abitoza ni Arnovic hamwe na Masterland, inyuma y’amatora niho tuzomenya uwuzotahukana ico kibanza.