Umukinyi w’inyuma afise umuvyeyi umwe w’umurundikazi n’uwundi w’umunya Rwanda Ndizeye Samuel, yahamagawe ubwa mbere mu mugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi ugiye kwitegurira inkino zibiri zo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma za CHAN zizoyihuza na Ethiopia .
Samuel Ndizeye w’imyaka 24 y’amavuko yarigeze kuronka akaryo ko gukinira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20.
akaba ari mu bakinyi b’inyuma beza cane bakina mu gihugu c’Urwanda , ivyanatumye umugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi uhitamwo kumuhamagara kugira aze awukinire.


Samuel akaba ari umwe mu bakinyi b’abarundi batangura mu kibuga mu mugwi Rayon Sports wo mu gihugu c’Urwanda, ariko nta musi n’umwe bigeze bamuhamagara mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abakuze ( Seniors) .
Mwomenyako mu Burundi , yakiniye imigwi ya Les Guepiers du Lac , Athletico Olympic , Bujumbura City hamwe na Vital’o Fc.