BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Aba comediens ngo ntibahabwa ikibanza bakwiriye | Senganzi 

Kubwa Michael ngo hano iwacu harabuze ibintu vyinshi cane kugira umwuga bakora w’ubu comedien uje ku rugero rushimishije.

Michael avuga ko ica mbere gikenewe ari uko abantu batangura kubona ko uwo ari umwuga nk’iyindi yose, ko umuntu ashobora kubeshwaho n’uwo mwuga.

Senganzi avuga ko baramutse bawufashe nk’akazi nk’ubundi, ngo yibaza ko bashobora guca batangura guhemba abo bantu neza gusumba uko biri ubu.

Michael anavuga kandi ko hanakenewe gushirwaho ibibanza vyagenewe kwakira aba comedien b’imice yose yaba abatwenza abantu, abakina ivyese (Theatre), kugira bashobora kwimenyereza, bashobore gukoresha ingabire yabo, ariko kandi banashobore kwiteza imbere banateze imbere igihugu cabo.

Senganzi anabona ko ugutera imbere kw’uwo muntu akora uwo mwuga ngo bigira akamaro no ku gihugu, kuko iyo ateye imbere babaza iyo ava, ukwo nakwo kuba ari ukumenyekana kw’igihugu.

Tubibutsa ko avuga ivyo azi kuko agashimwe aheruka guhabwa k’umu comedien yitwaye neza, yakazanye hano iwacu kandi yanakeretse Umukuru w’igihugu cacu Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598