Fabelove ngo kimwe muvyo yipfuza n’uko hano iwacu ahabwa ijambo nk’uwukora Hip Hop kandi ngo yarabishitseko. Ariko kandi ngo yafashe inzira nk’iya Rwagasore, aho yiyemeje kugwanira umudiho wa Hip Hop nk’uko Rwagasore yagwaniye intahe yo kwikukira biciye muri Poritike.
Uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi w’indirimbo King aheruka gushira ahabona, akaba avuga ko ico gikorwa co kugumana ijambo muri uwo mudiho mu Burundi ngo kitoroshe kuko agwana n’abatari bake ngo bikunde ntagishikeko. Fabelove akaba kandi avuga ko ico yipfuza ari ugucira inzira abandi bakiri bato bari inyuma yiwe.
Fabelove akaba ari umwe mu basanzwe bakora uwo mwuga batahinduye ngo baje no mu yindi midiho, ari naco batumvikanirako na B Face, we yafashe iya mbere mu guhindura umudiho akaja no mu yindi midiho, kuko kubwiwe ngo atawe abanza gusaba uruhusha kugira abashe kuja mu wundi mudiho.