Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala yatanguye neza ihiganwa ryo mu Rwanda .
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2022 , mu gihugu c’Urwanda niho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri ico gihugu ryari ryatanguye icese .
Umugwi As Kigali wari wakiriye Etincelles Fc watsinze ibitsindo 2-0 uwo mugwi. Ivyo bitsindo vya As Kigali vyinjijwe na Hussein Shabani Tchabalala, iyo akaba ari intango nziza kuri uwo musatirizi w’umurundi.
Mwomenya ko Hussein Shabani Tchabalala mu mwaka uheze ariwe yatowe nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi.