Ikibazo c’ikorana ry’abaririmvyi ba hano iwacu n’ama Management asanzwe abarondera n’ikibazo gikomeye cane, kuko uko imisi igenda niko humvikana itandukana ry’abaririmvyi bariko baraduga n’ama Management bahora bakorana.
Bamwe mu bamaze kuva muri izo Management bavuga ko ata mugambi bafise wo gusubira gukorana na Management, ahubwo ngo uwokwipfuza gushira amafaranga mu bikorwa vyabo, ngo boraba uko bakorana.
Emery Sun nawe ari mu gitigiri c’abaririmvyi baterekwa gusubira gukorana na Management za hano iwacu.
Mu kiganiro aheruka guha kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, yavuze ko abazana Management imugumiza mu Burundi, ngo nta mugambi bafitanye.
Yagize ati : ” Ntibazane za Management tumenyereye ubu, ugasanga umuntu ngo ni Manager wawe, ntakurihire Video yo hanze, ugasanga uguma mu Burundi. Oya ivyo ntavyo nshobora. Uje uze uvuga uti dushaka gushika kuri Target iyi n’iyi, umuziki wacu ushike aha n’aha, hama dukore. Umuziki ni akazi, kandi iyo mugakoze neza, urabashikana ku ntambwe ishimishije.”
Muri ino misi uwo muririmvyi akaba afitanye ubucuti na Management ya JC production, ariko akemeza ko ata masezerano nka Management bafitaniye, ahubwo bafise ivyo bumvikanye bishobora gufasha impande zose kugira ico binjiza.