abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Mbirizi Eric yaraye afashije Rayon Sports gutsinda Rutsiro

Mbirizi Eric yatanguye neza mu mugwi Rayon Sports wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2022 isaha icenda 15h00 ku kibuga ca Régional kiri Inyamirambo i Kigali , aho umugwi Rayon Sports wari wakiriye umugwi Rutsiro Fc mu rukino rw’indwi ya 1 y’ihiganwa ryo mu Rwanda Primus National League, urwo rukino rukaba rwarangiye Rayon Sports itsinze ibitsindo 2-1.

Umukinyi wo hagati w’Umurundi Eric Mbirizi yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere ca Rayon Sports igitsindo yinjije ku munota wa 27 mugihe ica kabiri cinjijwe na Mucyo Didier.

Mwomenyako Eric Mbirizi yakinye urukino rwose ararurangiza muri uwo mugwi Rayon Sports co kimwe n’uwundi murundi mugenziwe Ndizeye Samuel asanzwe ari nawe Kizigenza wa Rayon Sports .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68