homepagekirundi

Festival Sica ku ncuro yayo igira 16 igiye kubera mu Burundi

Iryo higanwa rya Sica rihurikiramwo abaririmvyi bo muri Afrika yose, harabwa cane cane indirimbo zivuga ku mico n’akaranga.

Iryo higanwa ryatanguye kuva 2000 rirongowe n’umunya Benin.

Ku ncuro ya mbere Uburundi bwinjiye muri iryohiganwa bwaratahukanye agashimye akaba ari umuririmvyi Steven Sogo yari yaduserukiye. Mu nyuma y’aho abandi baririmvyi bararonse ayo mahirwe yo kuja muri iryo higanwa n’ubwo hari abatashoboye kuronka amahirwe yo gutahukana agashimye, abaririmvyi nka Shazzi cool, Albert kulu, Nkundabantu, Natacha, Styven Sogo, Emerance Emy, Bernice the bell baramaze kuja muri iryo higanwa.

Ku ncuro yaryo igira 16 iryo higanwa rigiye kubera mu Burundi. Kazoba ari akaryo keza ko kwakira ibihugu birenga 15.

Hakenerwa umuririmvyi umwumwe
mu gihugu kimwe mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika.

Kuva igenekerezo rya 1 gushika 6 ukwezi kwa Munyonyo 2022 niho hazomenyekana ninde yatahukanye iryo higanwa.

Abaserukizi ( les embassadeurs) batowe mu guhagarikira iryo higanwa ngaha mu Burundi ni Steven Sogo na Natacha.

Indundi magazine tuzogenda tubamenyesha ukuntu bizogenda bikurikirana tuzobabwira abaririmvyi bazokwiyandikisha n’ibihugu bavamwo ndetse n’ikibanza ivyo birori bizoberamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 572