abakinyi bakina hanzekirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Amadorari ibihumbi 10 niyo Youssuf Nyange yatanze muri Aigle Noir Cs

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba hamwe na Istanbul Basaksehir yo muri Turquie Ndayishimiye Youssuf batazira Nyange , yemeye gufasha umugwi Aigle Noir Cs na Tigre Noir mu bijanye n’imyambaro yose izokoreshwa mw’ihiganwa rya Primus League 2022-2023.

Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 21 Myandagaro 2022, aho umugwi Flambeau du Centre wari waramutse uhimbaza umusi mukuru wabo wo kwigina igikombe ca Primus League batahukanye mw’ihiganwa ry’umwaka w’i 2021-2022. Ibirori vyatanguriye ku kibuga Ingoma biherera ku rugo rw’uwurongoye umugwi Flambeau du Centre umugwizatunga Kazohera Vénerand.

Mw’ijambo Honorable Réverien Ndikuriyo yatanguje imigwi ya Aigle Noir na Tigre Noir Warriors yashikirije , yavuze y’uko umukinyi Youssuf Nyange yabemereye y’uko mw’ihiganwa ryo muri uno mwaka y’uko azokwambika imigwi ya Aigle Noir na Tigre Noir.

Akaba yagize ati: “Iyi Saison yose nta kintu nakimwe Aigle Noir Cs na Tigre Noir Warriors bazokwambara kitavuye kwa Ndayishimiye Youssuf Nyange”.

Vyose ama Training, ama Maillot , amasogisi , ibirato uharuye bizotwara amafaranga ibihumbi 10 vy’amadorari y’amanya America yatanzwe n’uwo mukinyi .

 

Mwomenya ko Ndayishimiye Youssuf  Nyange yatwawe i Buraya n’umugwi Aigle Noir Cs , muri uwo mugwi yahembwa ibihumbi amajana atatu y’amarundi (300,000FB) , ariko muri kino gihe asanzwe ahembwa amadorari ibihumbi mirongo umunani vy’amanya America ( 80,000 $ ) mu marundi ni imiriyoni 250.

 

 

 

 

Ndayishimiye Youssuf Nyange akiri mu mugwi Aigle Noir The Fighters igihe yahembwa ibihumbi 300,000 FB ku kwezi.
Youssuf Ndayishimiye ashitse muri Turquie mu mugwi wa Yeni Malatyasport yashitse ahembwa amadorari ibihumbi ( 10,000$) ku kwezi .
Avuye muri Malatyasport akerekeza muri Instabul Basaksehir yo ngaho nyene muri Turquie yaciye atangura guhembwa  amadorari ibihumbi 80,000$ ku kwezi ari nayo ahembwa muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 116