abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Iddy Museremu yagarutse muri Messager Ngozi

Inyuma ko kutongerezwa amasezerano mu mugwi Gasogi United wo mu cicaro ca mbere, umukinyi Iddy Museremu yagarutse muri Messager Ngozi.

Kuri uyu wa mbere uheze igenekerezo rya 22 Myandagaro 2022 , niho uwahoze ari umusatirizi w’umugwi Messager Ngozi yashira umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi ariwo wamureze kuva akiri muto mu kiringo c’imyaka 2.

Museremu Iddy ntiyigeze yoroherwa mu mugwi Gasogi United kuko yaguma akomereka cane ivyatuma adahabwa umwanya ukwiye wo gukina.

Mwokwibuka ko Museremu Iddy yarangije ihiganwa ry’umwaka w’i 2020 w’inkino za Primus League ariwe afise ibitsindo vyinshi akaba yari afise ibitsindo 19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68