abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Murangira Ramires agiye gufata indege yerekeza muri Africa y’epfo

Inyuma yo kwanka gusinya mu migwi yariko iramurondera ikina ihiganwa rya Primus League , Murangira Ramires agiye kwerekeza muri Africa y’epfo.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Myandagaro 2022 isaha umunani n’igice 14h30 , niho uwahoze ari umusatirizi wa Top Junior muri kino gihe yitwa Elaga Top Junior Murangira Ramires aza gufata indege yerekeza  mu gihugu ca Africa y’epfo mu ntumbero yo kugeragezwa.

Ramires akaba ajanywe n’ishirahamwe Fitness For Life Management rirongowe n’umurundi asanzwe aba mu gihugu c’Ubwongereza Ndayishimiye Warren  Chebby, akaba agiye kugeragezwa mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Africa y’epfo witwa Pretoria Collies .

Mwomenya ko Ramires mw’ihiganwa ry’umwaka uheze  wa Primus League 2021-2022 yatowe nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi co kimwe na Patrick Kanianga abo bompi barangije bafise ibitsindo 14.

Ubutumire yarungikiwe na Pretoria Collies yo muri Africa y’epfo

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68