abakinyi bakina hanzeCAN2019footballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Alain Olivier Niyungeko yagenwe kumenyereza intamba zabatarenza imyaka 17

Niyungeko Olivier Mutombola yagenwe kuba umumenyereza mushasha w’umugwi nserukira gihugu w’abakinyi batarenza imyaka 17.

Ivyo tukaba twabisomye mw’ikete ryavuye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB riteweko igikumu n’uwusanzwe arongoye iryo shirahamwe Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre.

Mutombola akaba ariwe mumenyereza wa mbere yashikanye ubwa mbere umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba mu nkino za CAN 2019, akaba azokwunganirwa na Jean Pierre Gishikizo asanzwe ariwe atwara igisata c’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 17 ziriko zitegurira inkino z’amajonjora za CAN 2023 Algerie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 72