abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ndayishimiye Youssuf mu nkino za nyuma za Europa Conference League

Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba hamwe n’umugwi Istanbul Basaksehir wo mu cicaro ca mbere Ndayishimiye Youssuf batazira Nyange , agiye gukina inkino za nyuma za (Phase des groupes ) muri UEFA Europa Conférence League.

Hari kuri uyu wa Knke waraye uheze igenekerezo rya 25 Myandagaro 2022 mu gihugu c’Ububirigi aho umugwi Royal Antwerp wari wakiriye umugwi Istanbul Basaksehir ukinamwo umukinyi w’umurundi Ndayishimiye Youssuf batazira Nyange mu rukino rwo gusubiriza rwa UEFA EUROPA LEAGUE, urwo rukino rukaba rwarangiye ku ntsinzi y’ibitsindo 3 vya Istanbul Basaksehir kuri 1 ca Royal Antwerp.

Ndayishimiye Youssuf Nyange yakinye iminota yose y’urukino ku ruhande rw’umugwi wa Istanbul Basaksehir wo mu cicaro ca mbere mu gihigu ca Turquie.

Rikaba ari irya mbere mu mateka y’uwo mugwi kwinjira mu nkino za nyuma zo mu matsinda ya UEFA EUROPA CONFERENCE LEAGUE.

Mwomenyako Youssuf Ndayishimiye ariwe mukinyi wa mbere w’umurundi muri kino gihe akina mw’ihiganwa rikomeye gusumba abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 72