abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Abakinyi ba Flambeau du Centre bemerewe imiriyoni 30 ni batsinda Al-Ittihad

Imiriyoni 30 z’amarundi niyo mafaranga uwurongoye umugwi Flambeau du Centre Kazohera Vénerand yemereye abakinyi biwe nibaramuka batsinze umugwi Ittihad wo muri Libiya .

Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 21 Myandagaro 2022, aho umugwi Flambeau du Centre wari uramutse uhimbaza umusi mukuru wo kwigina igikombe c’ihiganwa rya Primus League 2021- 2022.

Mw’ijambo uwurongoye umugwi Flambeau du Centre Kazohera Vénerand yashikirije, yavuze y’uko abakinyi biwe nibaramuka batsinze umugwi Al- Ittihad wo muri Libiya mu nkino z’amajonjora ya mbere ya CAF Champions League azoca abaha imiriyoni 30 z’amarundi mu kubatera intege.

Rikaba ritazoba ari irya mbere uwo mugwizatunga aha amafaranga nk’ayo abakinyi biwe, n’imiriyoni 30 z’amarundi umugwi Flambeau du Centre wahawe na FFB zo gutahukana igikombe ca Primus League uwo mugwizatunga yarazibahebeye zose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68