abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ndayishimiye Mike Tresor yasubiye guhuma

Umukinyi w’umurundi Ndayishimiye Mike Tresor yasubiye mu bihe vyiwe inyuma yo gufasha umugwi Genk gutsinda RFC Seraing.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 27 Myandagaro 2022, aho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ububirigi Jupiler Pro ryari ryabandanije kundwi yaryo ya 6, umugwi RFC Seraing wari wakiriye umugwi Genk ukinamwo umukinyi w’umurundi Ndayishimiye Mike Tresor urukino rurangira ari ibitsindi 4 vya Genk ku 0 bwa RFC Seraing .

Mike Tresor yinjije ibitsindo 2 wenyene, yongera atanga umupira umwe uvamwo igitsindo ( Passe Décisive).

Genk ikaba iri mu kibanza ca mbere vy’impfatakibanza n’amanota 15 , ugakurikirwa n’umugwi wa Club Brugge ufise amanota 13.

Mwomenyako Mike Tresor asanzwe afise ibitsindo 5 mu nkino 6 amaze gukina z’ihiganwa ryo mu Bubirigi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68