abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ramazani Largie yaraye afashije UD Almeria gutsinda Fc Seville

Umukinyi Ramazani Largie avuka ku bavyeyi b’abarundi abandanya yigenza neza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Espagne ( La Liga).

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Myandagaro 2022 , aho umugwi UD Almeria wari wakiriye umugwi Fc Seville mu rukino rw’indwi ya 3 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Espagne ( La liga), urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi UD Almeria wirahiye Fc Seville ibitsindo 2 kuri 1.

Umukinyi Razamani Largie ari mu baraye bafashije UD Almeria gutsinda Fc Seville kuko niwe yinjije igitsindo ca mbere , igitsindo yinjije ku munota wa 41 w’urukino.

Umugwi UD Almeria ukaba uri mu kibanza c’9 n’amanota 4 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Espagne ( La liga).

Mwomenyako Ramazani Largie mu nkino 3 yakinye amaze kwinjiza ibitsindo 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 72