Media Tours yonyene ngo yomwuriza indege, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na B Face ubwiwe.
Urugendo aherukamwo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, rwavugishije abatari bake, kuko atigeze anatomora vyukuri ikijanye B Face muri ico gihugu.
Hampande y’ibikorwa bijanye n’indirimbo yaheruka gushira ahabona yakoranye n’umuririmvyi Pfla wo muri ico gihugu, ngo harimwo na Media Tours yashimye gukora, ariko umwanya umubana muto, ariko ngo izitari nke yarazizungurutse.
Mu kiyago na Juste Gael yagize ati : ” Ivyari bijanye ni umuziki ahanini kandi kubera irya ndirimbo [ Stand up by By face ft P fla], mugabo hariho n’ibindi vyakurikiye, warabonye narakoze Media Tours. Irya Media Tours irashobora kunkura ng’aha ata kindi kinjanye, kuko ni akazi. Kwimenyekanisha, kumenyekanisha ibikorwa vyanje, naherukayo muri 2019 nkorana indirimbo na Tom Close. Rero kuba narasubiyeyo nkakora ivyo, nibaza ko atari bike, kuko nibaza ko nta TV n’imwe ntashitseko, nta radio nimwe ntagiyeko, kiretse umwanya wambanye muto gusa.”