BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B Face ngo Rap ni umunwa

B face ngo kwiyita Rap Yuda canke Rap Commando ngo birafise ico bisiguye mu bikorwa ariko arakora vy’umuziki.

Mu kiyago aheruka kugirana n’umwe mu bamenyeshamakuru ba hano iwacu, yavuze ko ayo mazina ari ayo kwiyemera, ngo nico gituma ayiyita kandi muri Rap ngo birarekuwe.

Muri ico kiganiro yavuze ko abo bantu uko ari babiri yaba Yuda canke Commando ngo bazwiko ibintu bitari vyoroshe, kandi ngo nawe ntari wenyene muri uwo mukino, ngo yayiyise kugira abereke ko ata mikino.

yagize ati:” Ayo n’ama Slogan yo kwiyemera, Rap niko iremwe. Rap Yuda, Yuda n’umuntu azwi nk’umuntu w’umumesha, na Rap yanje ibaye iy’ikimesha navyo ntaco bitwaye.” Yongerako ati: ” Mvuze Rap Commando, barazi ama Film yakinye ariko arakubita abantu abamena amajigo, nanje muri Rap sindayirimwo jenyene, hariho abo tuyisangiye. Barya bose kuba nobamenagura nka commando mu muvyiyumviro ntaco bitwaye.”

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hari abandi bakora umudiho umwe batabibona kumwe, kuko ikibanza avuga ko afise bo bavuga ko ari icabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 346