Umukinyi Ramazani Largie afise abavyeyi bamuka mu Burundi aribo Ramazani Mwanuke hamwe na Mwajuma Shabani ariko abica bigacika mw’ihiganwa ryo muri Espagne ( La Liga).
Ramazani Largie asanzwe akinira umugwi wa UD Almeria ukina mu cicaro ca mbere , ariko ahurumbirwa n’imigwi itari mike yo ku mugabane wa buraya nk’uko Indundi Sports twabiyagiwe na se wiwe Ramazani Mwanuke.
Imigwi iriko irondera uwo mukinyi akaba ari imigwi ya Feyernoord na Hereven yo muri Hollande, Nantes hamwe na Lille zo mu Bufaransa , Galatasaray na Beskitas zo muri Turquie , Getafe yo muri Espagne, Anderletch yo mu Bubirigi , Bournemouth yo mu Bwongereza n’iyindi migwi.
Largie mu nkino 3 zo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Espagne amaze gukina ari kumwe n’umugwi UD Almeria umugwi waduze mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Espagne ( La Liga) , amaze kuyitsindira ibitsindo 2 asubira kandi atorwa nk’umukinyi yaranze urukino ( Man of the Match).