abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Fiston Abdoulrazaq yinjije igitsindo ciwe ca mbere mu mugwi mushasha

Inyuma yo kutabandanya akinira umugwi wa RS Berkane wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Maroc umugwi watahukanye igikombe ca CAF Confederstion Cup, Fiston Abdoulrazaq abarizwa mu gihugu ca Oman.

Kuri uyu wa kabiri uheze igenekerezo rya 30 Myandagaro 2022 , umugwi Sur Sport Club ariwo waguze umusatirizi w’umurundi Fiston Abdoulrazaq wari wakiriwe n’umugwi AL Seeb Sc mu rukino rw’indwi ya 3 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Oman, urwo rukino rwarangiye umugwi AL Seeb utsinze umugwi Sur Sport Club ibitsindo 2-1.

Ico gitsindo rukumbi ca Sur Sport Club cinjijwe na Fiston Abdoulrazaq batazira 4G.

Mwomenya ko Fiston Abdoulrazaq yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi wa Sur Sport Club igenekerezo rya 28 Myandagaro 2022  gushika ubu ntituramenya ikiringo uwo mukinyi azokinira uwo mugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 72