kirundi_Sports

#Indundi Sports| Intamba z’abadashikana imyaka 18 za Handball zanganije na Libia

Inyuma yo gutsindwa impaga n’umugwi nserukira gihugu wa Maroc , umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 18 wa Handball waraye unganije na Libia ku manota 32 kuri 32.

Ivyo bikaba vyaraye bibonetse y’uko uwo mugwi nserukira gihugu wa Handball w’abadashikana imyaka 18 iyo wari gukina urukino rwa mbere wari kuvyitwaramwo neza.

Urukino rukurikira intamba ziza kurukina kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 02 Nyakanga 2022.

Mwomenyako ayo mahiganwa ya Handball y’abatarenza imyaka 18 ariko abera mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’Urwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 147